Mu kiganiro yahaye abanditsi n-abamenyeshamakuru bo kuri uyu wa gatatu, Umushikirizamanza kizigenza wa Republika aremeza ko hariho abantu baburwa irengero mu Burundi. Ariko Sylvestre Nyandwi abona ko bimwe mu bimaze imisi bivurwa kw-inyuruzwa ari ibinyoma.
Sylvestre Nyandwi mw-ico kiganiro yahaye abanditsi n-abamenyeshamakuru yamenyesheje ko kw-ivyo vy-abantu baguma baburwa irengero bikorwa n-abantu biyambika biyambika impuzu z-abajejwe umutekano bagakoresha imiduga zitagira imparati. Agahamagarira uwo wese yoba afise inkuru y-uwabuzwe irengero ko yoyishikiriza inyamirabi canke parake imwegereye..
Kuvyerekeye ibitero bimaze imisi vyibonekeza aho haterwa imitego ku mabarabara imodoga zigaturirwa n-abarimwo bakicwa, Umushikirizamanza kizigenza wa Republika avuga ivyo ari ivyaha vy-iterabwoba bihanwa n-amategeko mpanavyaha y-uburundi ndetse na Mpuzamakungu. Sylvestre Nyandwi yongerako ko hari amadosiye y-abakora ivyo vyaha aza yaruguruwe ndetse akaba aza ageze muri sentare.