Sunday, March 26, 2023
HomePoliticsUmushikirizamanza kizigenza wa Republika aremeza ko hari abantu baburwa irengero mu...

Umushikirizamanza kizigenza wa Republika aremeza ko hari abantu baburwa irengero mu Burundi.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n-abamenyeshamakuru bo kuri uyu wa gatatu,  Umushikirizamanza  kizigenza wa Republika aremeza ko hariho abantu baburwa irengero mu Burundi. Ariko Sylvestre Nyandwi abona ko bimwe mu bimaze imisi bivurwa kw-inyuruzwa ari ibinyoma.Ubushikirizamanza bw'u Burundi buvuga ko bwafashe umwe mu bafashije  guhingura video ya BBC - BBC News Gahuza

Sylvestre Nyandwi mw-ico kiganiro yahaye abanditsi n-abamenyeshamakuru yamenyesheje ko kw-ivyo vy-abantu baguma baburwa irengero bikorwa  n-abantu biyambika biyambika impuzu z-abajejwe umutekano bagakoresha imiduga zitagira imparati.  Agahamagarira uwo wese yoba afise inkuru y-uwabuzwe irengero ko yoyishikiriza  inyamirabi  canke parake imwegereye..

Kuvyerekeye ibitero bimaze imisi vyibonekeza  aho haterwa imitego ku mabarabara imodoga zigaturirwa n-abarimwo bakicwa, Umushikirizamanza kizigenza wa Republika  avuga ivyo ari ivyaha vy-iterabwoba  bihanwa n-amategeko mpanavyaha y-uburundi ndetse na Mpuzamakungu. Sylvestre Nyandwi yongerako  ko hari amadosiye y-abakora ivyo vyaha aza yaruguruwe ndetse akaba aza ageze muri sentare.

Must Read