NEWS

Umushikiranganji w’Ubudandaji yiyamirije ingingo ya BRARUDI yo kuduza ibiciro vy’ibinyobwa.

on

Umushikiranganji w’Ubudandaji w’Uburundi yiyamirije ingingo ya Brarudi yo kuduza ibiciro vy’ibinyobwa vyayo mu Burundi.

Uwo mushikiranganji yamenyesheje ko iyo ngingo yafashwe na BRARUDI hatabanje kuba ibiganiro hagati ya BRARUDI na Leta y’Uburundi.

Kubera ko leta itagishijwe inama muri iryo duzwa rishasha ry’ibiciro, dutegerezwa gukora hama tukiyamiriza iyo ngingo“, niko umushikiranganji w’ubutunzi yamenyesheje Radio Isanganiro.

Brarudi yari yaraye isohoye ibiciro bishasha bitangura kuja mu ngiro uyu musi itariki 29 Nzero 2019 ku binyobwa vya Amstel 65 cl iva ku mafaranga 1800fbu ija ku 1900 fbu, hama Amstel Royal iva ku 2000fbu ija kuri 2200fbu, Amstel Bock ishirwa kuri 1300 fbu.

Recommended for you