NEWS

Umushikiranganji w’ubudandaji yahuye n’isanganya rikomeye ryahitanye abantu babiri

By

on

Umushikiranganji w’ubudandaji, Jean Marie NIYOKINDI ari mu bitaro kuva ku mugoroba wo kuri uwu wa gatanu, kandi araremvye cane. Aho ni inyuma y’isanganya umuduga umwunguruza wagize kubera umuvuduko munini warimwo.

Iryo sanganya ryabereye kw’ibarabara RN7, ku musozi Kiyange, komine Gisozi, intara ya Mwaro, ryatewe n’uko umuduga w’uwo mushikiranganji, umuduga wo mu bwoko bwa Jeep Prado ufise iparati ndangamuduga C 538 AGB wahushije ibarabara kubera umuvuduko munini (Excès de vitesse).

Abantu babiri bari muri uwo muduga baciye bitaba Imana aho nyene, uwundi muntu umwe arakomereka.

Umushikiranganji Jean Marie NIYOKINDi ari mu bakomeretse, mbere bikomeye, akaba yaciye ajanwa kuvurirwa ku bitaro bikuru vyo mw’Ijenda.

Mwomenya ko n’umuduga umwunguruza wononekaye bikomeye, nk’uko muvyibonera kuri ayo masanamu.

Ibijanye n’amagara hamwe n’ubuzima bw’uwo mushikiranganji wo muri Reta y’Uburundi turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.

Recommended for you