NEWS

Umushikiranganji Wo Gutumatumanako Amakuru Araremesha Abibwe Kubera Bahamagawe N’Inomero Zo Mu Bindi Bihugu.

By

on

Abarundi batari bake bavuga ko bagerageje guhamagarwa (Appels manqués) kuri telephone nizi nomero zo mu bindi bihugu zikurikira: +22478000546, +22478000542, +22478000556 na +5321647912 kuva itariki 9 za Ruheshi 2017. Abanyagihugu benshi bagerageje gusubira kuzihamagara bavuga ko baciye bibwa amafaranga yose baba bafise muri telephone zabo. Umushikiranganji Wo Gutumatumanako Amakuru arabaremesha maze akavuga koi co kibazo kiriko kiratorerwa inyishu.

Nestor Bankumukunzi, Umushikiranganji Wo Gutumatumanako amakuru mu Burundi avuga ati: “ Duhamagarira abanyagihugu kutagerageza gusubira guhamagara izo nomero zo mu bindi bihugu mu buryo bwo kuzibipa”.

Umushikiranganji Wo Gutumatumanako amakuru, Nestor Bankumukunzi, avuga ko Ubushikiranganji arongoye buriko bwihweza izo nomero zo mu bindi bihugu zihamagara inomero z’I Burundi kuva ku musi wa gatanu mu ndwi turangije. Avuga ko abakoresha izo nomero zo mu bindi bihugu ari abasuma babipa abantu hama bakitega ko abo babifye babatelefona maze bakibwa amafaranga yabo yo muri telephone(Unités). Igihe basubiye kubahamagara, ama inité yose baba bafise basanga yagiye”, niko Umushikiranganji amenyesha.

Nestor Bankumukunzi, Umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru mu Burundi

“Izo nkozi z’ibibi zakoresheje inomero zitangurwa na +224 hama bakurikizako ibindi biharuro vy’inomero zo hanze. Barahamagara inomero izarizo zose zo mu Burundi zo mu mihora yose”, niko Bankumukunzi avuga.
Abanyagihugu benshi bagerageje guhamagara kuri izo numero bamenyesha ko basubiriye guhamagara izo nomero kubera bibaza ko ari incuti zabo zibahamagaye, maze bagize baragerageje gusubira kuzihamagara bagasanga ama inite yabo muri telefpne ugasanga yagiye.

Naho Umushikiranganji yahumurije abibwe muri ubwo buryo, abanyagihugu bobo babona ko abibwe bosubizwa uburyo bwabo n’ubwo bushikiranganji.

Umushikiranganji Nestor Bankumukunzi amenyesha ati: “Ubushikiranganji bwo gutumatumanako amakuru hamwe na ARCT biri kumwe n’amashirahamwe yo gutumatumanako amakuru mu Burundi bariko bakora ibishoboka kugira ubwo busuma ntibusubire kuba. Abanyagihugu bahamagarirwa kutagerageza guhamagara izo nomero zo hanze. Turaremeshaje abanyagihugu kutagira ubwoba kuko turiko turakora ibishoboka kugira tubihagarike”.

Recommended for you