Tue. Jan 28th, 2020

Umushikiranganji w’inyigisho arasigura igituma hari Kaminuza zugawe

Ubushikiranganji bw’inyigisho za Kaminuza mu Burundi busigura ko ingingo yo kubuza amakaminuza 9 kwakira abanyeshure bashasha mu mwaka w’ishure 2018 ushira uwa 2019 yafashwe mu ntumbero yo gusubiza akanovera inyigisho za kaminuza.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshakuru kuri uwu wa mbere, umushikiranganji Gaspard Banyankimbona ajejwe inyigisho za kaminuza, yashikirije ko hagiye kuza haramenyeshwa ku mwaka ku mwaka ibisata birekuwe kwakira abanyeshure.

Ico kiganiro ku bamenyeshamakuru catunganijwe inyuma y’aho ubwo bushikiranganji bufatiye ingingo yo kwankira amakaminuza icenda yo mu Burundi kwakira abanyeshure bashasha.

Muri iyo ngingo y’ubushikiranganji bujejwe inyigisho za Kaminuza, ayandi makaminuza abiri yarugawe vy’imfatakibanza.

Umushikiranganji Gaspard Banyankimbona ahamagarira izo kaminuza zitarekuriwe kwakira abanyeshure bashasha guherekeza abanyeshure batanguye kuhiga kugeza bahejeje hamwe no gutanga icegeranyo uko amezi atatu aheze.

Iyo ngingo ifashwe inyuma y’aho umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyeshereje ko atewe amakenga n’inyigisho zitangwa ku mugoroba, aho avuga ko ivyegeranyo vyakozwe n’ubushikiranganji bw’inyigisho za Kaminuza vyerekanye ko zirimwo amahinyu, kuko mu nyigisho zo ku mugoroba bari bategerezwa kuraba inyigisho zijanye n’ukuronka urupapuro rw’umutsindo rukwiranye n’ivyigwa uba wakurikiranye ata mahinyu arimwo.

Mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru kuwa 28 Kigarama 2018, yamenyesheje ko bitumvikana ingene umunyeshure wo muri Kaminuza aba yize kuva mu gatondo gushika ku mugoroba, uwundi akagenda isaha cumi na zibiri gushika isaha zitatu z’ijoro, mu nyuma abo bose bakaronka impapuro z’umutsindo zingana nk’abize bimwe.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA arashima integuro iriko irakorwa n’ubushikiranganji bw’inyigisho za Kaminuza, kugira ico kibazo gitorerwe inyishu, Kaminuza zose zikore zisunze amategeko amwe.

Umukuru w’igihugu asaba kandi abarongoye amakaminuza gukurikirana ukuntu amanota atangwa. Agira ati : « Hageze aho uvuze ko uturuka muri Kaminuza kanaka udashobora kuronka akazi, kubera inyigisho batanga ziba zizwi ko ata kamaro zibazanira ku kazi ka minsi yose. Uno munsi kaminuza z’Abigenga urabona umunyeshure yaronse amanota 97 kw’ijana, n’ayarenga, ariko waja kuraba ivyo yize, ugasanga harimwo agahaze. Waraba muri Kaminuza y’Uburundi ugasanga uwaronse amanota 61 kw’ijana niwe ahagaze neza kuruta uwo yaronse 97 kw’ijana muri Kaminuza y’abigenga. Amanota, ni ico umuntu ari, biratandukanye cane.”

Umukuru w’igihugu NKURUNZIZA abandanya avuga ati : “Kaminuza z’abigenga turipfuza ko bigisha bamenya neza ko bariko barategurira kazoza keza Uburundi, atari ukwironderera amafaranga. Imbuto itewe niyo imera. Hakazosohoka abanyeshure benshi b’imburakimazi ata bumenyi bafise kandi isi itera imbere mu buryo budasanzwe, igihugu kizomaramara, kuko ni isi yo guhiganwa.”