NEWS

Umushikiranganji w’Indero ariyamiriza ingendo yo gutabura impuzu y’abanyeshure

By

on

Kur’uyu wa gatanu niho abanyeshure bashika ibihumbi mirongo 90 barangiza amashure yisumbuye. Bakaba bari bamaze imisi itatu bakora ikibazo ca Leta kirangiza ayo mashure bamaramwo imyaka itatu inyuma y’amashure mato bamaramwo imyaka icenda. Umusi barangiza rero ico kibazo abanyeshure kuva kera baragaragaza umunezero berakana ko barangije ayo mashure.

Ariko muruno mwaka habonetse bishasha abantu batari bamenyereye aho abo banyeshure abahungu canke abakobwa batabura izo mpuzu bahora bajana kw’ishure arizo bita uniforme. Amasanamu atari make akaba yaraciye kumbuga ngurukana bumenyi yerekana abo banyeshure batabuye impuzu.

Abavyeyi benshi bakaba bariyamirije iyo ngendo, bamwe bakavuga ko ari kugarukira indero abandi bakavuga ko ari imyaka y’abo banyeshure ibibatuma, abandi bakavuga ko na kera vyakorwa.

Umushikiranganji w’indero, Dr Janviere Ndirahisha, akaba yaciye yiyamiriza iyo ngendo akibutsa abo banyeshure kw’izo mpuzu ataribo baziguze kandi n’abatoyi babo bashobora kuzikenera kandi ko bataramenya ko batoye ico kibazo bashobora kukiyoberwa bagasubira kumurondera kugira bagikore. Dr Janviere Ndirahisha arasaba abavyeyi n’igihugu gufasha kurera abo banyeshure kuko kenshi baba barikumwe n’abavyeyi babo.

Recommended for you