Umushikiranganji w-ubudandaji n-amahinguriro Capitoline Niyonizigiye aremera ko isima y-ishirahamwe BUCECO yabuze mu gihugu cose, ariko asigura ko ubukene bw-iyo sima buriko buterwa n-inyubakwa nyishi za Leta ziriko zirubakwa nk-ibitaro, amashule hamwe n-ibibuga vy-inkino. Uwo mushikiranganji yabivuze ku musi wa kabiri aho yari yatumiwe kugira yishure ibibazo vy-abashingamateka.
ˮTwagombe tubamenyeshe ko isima ihingurwa n-ishirahamwe BUCECO ko idashobora gukwira mu gihugu cose kubera murino misi hariko hubakwa inyubakwa nyishi za Leta nk-amashule, ibitaro hamwe n-ibibuga vy-inkino ,bigatuma iyo sima idashobora gukwira mu gihugu cose. Muga abo muri BUCECO baraturemesheje batubwira ko bariko bagura kugira tuzogire umwimbu mwishi uhagije gushika naho abanyagihugu baronke isima bitagoranye‟ Niko umushikiranganji Capitoline Niyonizigiye yasiguye imbere y-abashingamateka.
Naho umushikiranganji w-ubudandanji n-amahinguriro asigura ukwo, Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME wewe si ukwo abibona, Kubwa Rufyiri, ngo ahanini iryo kena ry-isima ya BUCECO riterwa n-ukubura amafaranga y-agaciro yo kurangura hanze y-igihugu bimwe mu vya nkenerwa vyo guhingura iyo sima.