NEWS

Umushikiranganji aratabariza umwigisha ‘ageramiwe n’abahiga agatwe kiwe’!

on

Mu rwandiko rwasohowe rwongera rusinywako n’umushikiranganji w’indero mu Burundi, Janviere NDIRAHISHA, yamenyesheje mugenziwe umushikiramganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ko umutekano w’umwigisha yitwa HASABUMUKAMA Pierre ubangamiwe.

Janviere Ndirahisha akamenyesha ko hokorwa ibishoboka kugira uyo ‘mwigisha n’
umuryango wiwe babe mu mutekano’.

Naho urwo rwandiko bigaragara ko rwari urw’ibanga, rwahavuye ruja ahabona rugaragaraza ko uwo mwigisha wo mu Ntara ya Bubanza arazwa ku rya musonga n’abamutera ubwoba bwo kumwica kubera ko “yashize ahabona ubusuma bwabaye mu kibazo ca Concours muri uyu mwaka wa 2018′.

Soma hano urwpo rwandiko:

Recommended for you