NEWS

Umuserukizi Mushasha W’Ubumwe Bwa Afrika i Bujumbura.

on

Basile Ikouebé, umuserukizi mushasha w’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika mu Burundi akongera akaba n’intumwa idasanzwe mu biyaga binini yarakiriwe ejo ku musi wa mbere n’umukuru w’igihugu c’Uburundi. Uyo muserukizi wa UA akaba yamenyesheje ko Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rizobandanya rikorana n’Uburundi muvy’imigenderanire.

« Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, biciye ku buserukizi bwaryo, rirangura uruhara rwaryo mu gukurikirana neza ko politike y’iryo shirahamwe yo gutsimbataza amahoro ku mugabane wa Afrika, gutsimbataza umutekano, intwaro ibereye n’agateka aka zina muntu », niko Basile Ikouebé yamenyesheje abamenyeshamakuru ahejeje kubonana na Nkurunziza Pierre.

Akaba yerekanye ko ugukorana neza hamwe n’abategetsi, amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike, hamwe n’abo bose begwa n’ikibazo c’Uburundi, arivyo Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika rishira imbere.

« Iyo mvuze ugukurirana neza, bisobanura ko turemesha ingingo zose nziza kandi ko igihe bikenewe, turatanga ingabisho kugira tumenyeshe ko ibi canke biriya bishobora gushikana ahatemba, bisobanura ko dukoresha politike yo gukinga ingorane zitaraba kuko ari vyiza kwirinda impanuka », niko Basile Ikouebé yamenyesheje.

Mukibuka ko Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryari ryafashe ingingo mu mwaka wa 2015 yo kurungika ingabo zishika 5000 zo gucungera umutekano w’abanyagihugu MAPROBU kubera amagume yari asa naho yatanguye mu Burundi.

Basile Ikouebé akaba aje asubirira abaserukizi ba UA bamwitangiye imbere mu Burundi, aribo umunya Senegal Abdoulaye Bathily hamwe n’Umunya Algeriya Said Djinnit, bose uko ari babiri bikaba vyaranse ko bakora bahuza na Leta y’i Bujumbura, bagirizwa na leta y’I Bujumbura uguhengama mu bijanye no kudadanura ikibazo c’Uburundi.

Recommended for you