Umuryango w-ubumwe bwa buraya wafuse kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2022, ibihano vy-ubutunzi wri wafatiye Leta y-uburundi mu mwaka w-2016.
Nkuko biri ku rubuga ngurukanabumenyi rw-uwo muryango, iyo ngingo ifashwe kubera intambwe igihugu c-uburundi kiriko kiratera mu bijanye n-intwaro ibereye, ukwubahiriza agateka ka zina muntu n-ibindi, kuva mu matora yo mu mwaka w-2020.
Ivyo bihano vyari vyerekeye guhagarika imfashanyo zose z-amafaranga kuri Leta hamwe n-inzego zayo.Ihagarikwa ryavyo rizotuma umuryango w-ubumwe bwa buraya usubira gufasha Uburundi mu kubusahiriza mu kigega c-amafaranga busanzwe bukenera buri mwaka.