Inyuma y-imyaka 27 yari ihaciye babanye neza kandi bakorera hamwe mw-ishirahamwe ryabo rikomeye bashinze , umurwizatunga Bill gates ari mubashinze ikigo Microsoft kw-isi be n-umupfasoni wiwe Melinda Gates bamenyesheje kuruwu wa mbere ko bahukanye ariko ko bazobandanya bakorera hamwe mw-ishirahamwe ryabo rikomeye kw-isi foundation Bill and Melinda gates rirwanya ubukene n-ingwara.
Babicishije k-urubuga rwa Twitter ukwari babiri bose bahuriye kw-ay-amajambo =ˮInyuma yo kwiyumvira nk-abantu dukuze, twahisemwo ingingo y-uko turangiza ivyerekeye ukubana kwacu‟
Tubamenyeshe ko uwo muryango wa Gates wubakanye kuwa 1 Nzero 1994 bakaba bafitaniye abana batatu= Jennifer Katharine 1996, Roy John 1999 hamwe na Phoebe Adele 2002.