NEWS

Umurwi w’iterabwoba wisunga idini rya Islam ushaka gushinga ibirindiro muri Congo

By

on

Ivyo bigaterwa n’umutekano muke urangwa m’ubuseruko bw’igihugu ca Congo aho uwo murwi w’iterabwoba ushaka kugira icicaro. Ivyo bivugwa n’abarongoye inzego z’iperereza zo mu bihugu vy’Uburundi, Uganda, RDC n’Urwanda bari mu nama mu gihugu c’Ubuganda.

Nkuko bivugwa n’ikinyamakuru c’abongereza BBC, abo barongoye inzego z’iperereza mur’ivyo bihugu bakavuga ko ivyo biva ku mirwi mwinshi y’abagwanyi n’ikena ry’abasirikare ba Let aya Congo mu karere k’ubuseruko bwa Congo. Ivyo bigatuma umurwi w’iterabwoba wisunga idini rya Islam biworohera kwifatira ako karere.

Uwo murwi w’iterabwoba ukaba umaze kwemanga igitero cabereye kumutumba wa Kamango mu kwezi kwa ndamukiza. Ariko umuganda ari mu nzego zico gihugu akavuga ko atacemeza ko ico gitero cakozwe n’uwo murwi w’iterabwoba. Ababonye ico gitero c’i Kamango bakagiriza abagwanyi b’umuhari ADF kwaribo bateye kandi ko bafise imigenderanire n’uyo murwi w’iterabwoba.

Abo batwara inzego z’iperereza mu karere k’ibiyaga binini bakaba bariko barategura umugambi  wo gukuraho iyo mirwi yo y’abagwanyi harimwo n’uyo murwi w’iterabwoba.

Recommended for you