NEWS

Umurwi w’abafasha Uburundi uhimiriza leta kwugurura VOA na BBC.

on

Umurwi w’abafasha Uburundi mu vy’ubuhinga no mu vy’amafaranga( Groupe des partenaires technques et financiers) wahamagariye Uburundi gusubira kwihweza ingingo yo kwugara amaradio mpuzamakungu BBC na VOA.

Ivyo vyashizwe ahabona mw’itangazo ejo ku wa 5 Ndamukiza 2019. Uwo murwi w’abafasha Uburundi ukamenyesha ko ‘uhagaritswe umutima niyugarwa ryayo maradio yatanga amakuru atarya umunwa.

Uwo murwi ukaba usaba leta y’Uburundi kworohereza ibinyamakuru na acane cane muri iki gihe hegereje amatora yo mu mwaka wa 2020.

BBC ikamenyesha ako abarundi bayikurikirana bashika ku miliyoni 1,3. Bikagaragara ko abo bakurikirana BBC na VOA bagiye guhora bayikurikiranira kuri Internet.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply