NEWS

Umurwi wa ONU ukora amatohoza uvuga ko ‘hashobora kuba ubundi bwicanyi’ mu Burundi

on

Umurwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi waraye umenyesheje ko hashobora kuba ubundi bwicanyi imbere y’amatora ya 2020.

Uwo murwi wa ONU ukamenyesha ko usanzwe ufise ibimenyamenya vyinshi vyerekanako mu Burundi hashobora kwaduka izindi mvururu.

Uwo murwi wa ONU uragaruka ku murwi w’Imbonerakure za CNDD-FDD wagirizwa na ONU gukora amabi atari make mu Burundi.

“Abana n’abakenyezi barafatwa ku nguvu n’Imbonerakure…kubera hari ukudahana kwiganje mu Burundi”, niko Doudou Diene yamenyesheje mu gutunga urutoki inzego z’iperereza zo mu Burundi.

Leta y’Uburundi yamirira kure izo mvugo za ONU ku Burundi mu kuvuga ko zigamije guhungabanya inzego z’Uburundi nko mu mwaka wa 2015.

Willy Nyamitwe, akora mu biro vy’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko ‘Uburundi butagifise umwanya wo kwishura ku makuru atariyo no ku binyoma bishirwa ahabona n’umurwi wa ONU ujejwe gukora amatohoza ku Burundi’.

Nyamitwe akamenyesha ko ‘ari umugwi w’Abanyaburaya an Amerika ugamije guhungabanya inzego z’Uburundi nk’uko vyama’.

Uburundi bukaba bwaranse kuva kera gukorana n’uwo murwi wa ONU usanzwe ukora amatohoza Ku Burundi kubera wagirizwa na leta y’i Gitega guhengama mu vyegeranyo vyawo ukora ku Burundi.

Recommended for you