NEWS

Umurwi wa ONU ujewe gukora amatohoza ku Burundi wongewe ikindi kiringo!

on

Mu matora yabaye kuri umo musi wa gatanu mu murwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu( UN Human Rights Council, UNHRC), hafashwe ingingo y’uko umurwi wa ONU Ukora amatohoza ku mabi yakozwe mu Burundi (Commission d’Enquete sur le Burundi) wongerwa ikiringo c’umwaka.Ivyo navyo bikaba bitemerwa na Leta y”Uburundi

Iyo ngigo yo kwongera ikiringo uwo murwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi ikaba yarenganye hafi ibice 85 kw’ijana.Bamwe bakabona ko UN HRC yafashe ingigo yo gukurikirana no gushira ku kabarore amabi yose yakoze mu Burundi.

Ibihugu bitatoye iyo ngingo akaba ari Ubushinwa, Cuba, RD Congo, Égypte, Arabie saoudite, Venezuela hame n’Uburundi nyene.Ivyo bihugu uko ari indwi bikaba bitashimye ko iyo ngigo irengana ariko ikaba yahavuye irengana.

Ayo matora akaba yahavuye arengana ku majwi 23 y’abayashigikiye ko umurwi wa ONU ukora amatohoza mu burundi ubandanya ukongerwa ikiringo, amajwi indwi aratora OYA, hamwe n’amajwi 17 ataco yayavuzeko.

Mwomenya ko leta y’Uburundi yasohoye itangazo ko abagize uwo murwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi ata burenganzira bafise bwo guhonyoza ikirenge ku butaka bw’Uburundi bivuye ku cegeranyo ‘gikaze’uwo murwi washize ahabona.

Recommended for you