kuri uyu wa mbere mu ntara ya Muramvya, umurwi w-igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH watunganije uruganda Rwo kurabira hamwe ingene amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike wokorana n-uwo murwi.
Mw-itangazo wasohowe n-uwurongoye uwo murwi ku ntambwe umaze gutera, Sixte Vigny Nimuraba yamenyesheje ko CNIDH wasubijwe k-urwego rwa ˮstatut A‟, ibituma uwo murwi usubira kuronswa ijambo mu Manama mpuzamakungu y-agateka ka zina muntu haba I Geneve mu gihugu c-ubuswisi canke I New-york. Ni mu gihe uwo murwi uri k-urwego rwa ˮ statut B‟ utari wemerewe kwicara mu bandi, bishitse ukagenda naho wakumirwa.
Kubwa Sixte Vigny Nimuraba , yashimiye amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike hamwe n-ibimenyeshamakuru vyafashije kugira uwo murwi arongoye ukurwe ku rwego rwa B hama usubizwe ku rwego rwa A wahoramwo. Tubamenyeshe ko uwo murwi w-igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu wari wakuwe k-urugero rwa ˮstatut A‟ ushirwa kuri ˮstatut B‟ wagirizwa n-ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejejwe agateka kazina ko mu kazi k-uwo murwi uriko ukora utigenga na gato ko ahubwo uhengamira kuri Leta y-uburundi ni mu gihe kuva mu mu mwaka w-2015 aho hatanguriye imvururu za politike uwo murwi ngo waguma wirabira hirya mu gihe abantu baguma bicwa, abandi bakanyuruzwa na bamwe bakora mu nzego za Leta.