NEWS

Umurwi utohoza ku bwicanyi bwabereye mu Cibitoke wongewe ikiringo

By

on

Ikiringo c’ukwezi kwari kwahawe umurwi ujejwe gutohoza ku bwicanyi bwakorewe ku musozi wa Ruhagarika, mu ntara ya Cibitoke caheze uwo murwi utarashikiriza icegeranyo kivuga abakoze ubwo bwicanyi. Umushikirizamanza mukuru w’Uburundi akaba yafashe ingingo y’ukwongera ikiringo uwo murwi.

Ico kiringo cari cahawe uwo murwi casozerewe kw’igenekerezo rya 14 Ruheshi 2018, ikiringo bongewe kikaba kizorangira kw’igenekerezo rya 22 uku kwezi kwa Ruheshi 2018.

Ubwo bwicanyi bwakozwe kw’igenekerezo rya 11 Rusama 2018 buhitana abantu bagera kuri 26.

Bukeye abo bantu baraye bishwe, umushikiranganji w’umutekano, General Alain Guillaume BUNYONI yarishikiye aho mu Ruhagarika, intara ya Cibitoke, akaba yamenyesheje ko abagandaguye abo bantu baje bava mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, yemeza ko Uburundi buzokorana n’ico gihugu kugira abo bakoze ico gitero bafatwe.

Recommended for you