NEWS

Umurwi ukora amatohoza mu Burundi wamenyesheje ko ukirajwe ishinga n”ukudahanwa kw’imbonerakure’.

on

I Geneve mu Buswisse, umurwi wa ONU ukora amatohoza ku mabi yabaye mu Burundi kuva mu mwaka wa 2015 wamenyesheje ko hakiri agahaze mu bijanye n’ikibazo c’uburundi kubera ‘abantu babura umwidengemvyo wo kuvuga no gukora hamwe no kudahanwa kw’imbonerakure’ mu Burundi.

Uyo murwi wa ONU ukora amatohoza mu Burundi ukaba wamenyesheje ko mu mwaka wa 2017 hakozwe mabi, eka mbere ko nubu mwuwu mwaka wa 2018 amabi yabandanije akorwa.

Uwo murwi wamenyesheje gutya: ” Amabi yakozwe yatohojwe n’Umurwi wa ONU yabandanije akorwa kuva mu mwaka uheze. Amabi amwe amwe nko guta ibiziga mu buryo butabereye, ibikorwa vyo mw’ijoro biratuma bino bikorwa bitibonekeza. Naho biri uko, biguma biboneka ko ari ivy’ukuri”,niko Doudou Diene yamenyesheje, umwe muri batatu bagenywe gukora amatohoza mu Burundi.

Ku bijanye n’umurwi w’urwaruka rw’imbonerakure, Umurwi wa ONU ujejwe gukora amatohoza mu Burundi wamenyesheje ko ‘ugisibije muri ivyo bikorwa vy’umwiza bikorwa mu Burundi’.

Abagize imbonerakure zo mu mugambwe uri ku butegetsi bagize uruhara rukomeye muri ivyo bikorwa vy’agahahazo, kandi ivyo bakabikora bakongera ntibahanwe na gato…imbonerakure zikaba zakoreshejwe mu buryo bwuzuye zishigikiwe na leta y’i Bujumbura”, niko Francoise Hampson nawe yamanyesheje ari muri uyo murwi ukora amatohoza mu Burundi.

Uwo murwi ukora amatohoza mu Burundi wamenyesheje ko bikwiwye ko habandanya hakorwa amatohoza na cane cane ko himirije amatora ya 2020,ayamaze kuvugwa nyayo ko yakweze intureka zimaze kugira ingaruka mbi ku barundi, nk’uko uwo murwi ubishira ahabona.

Recommended for you