NEWS

Umurwi ujejwe gutegura amatora CENI urindiriye itegeko rigenga amatora

By

on

Mu nama yakoranije abaserukira imigambwe yabo n’umurwi ujejwe gutegura amatora mu Burundi yabaye kur’uyu wa kabiri, Pierre Claver Kazihise arongoye uyo murwi yamenyesheje ko barindiriye ko itegeko rigenga amatora ritegwako igikumu n’Umukuru w’igihugu. Mur’ico gihe ngw’ikirangamisi c’amatora yo mu 2020 kizoca gisohoka.

Mwomenya ko hasigaye umwaka n’amezi make kugira ibiringo vy’abarongoye Uburundi muri kino gihe bihere hace hatunganywa amatora azogene abazobandanya batwara Uburundi. Ngw’abantu rero ntibibaze ko umurwi ujejwe gutegura amatora CENI ko utari kukivi.

Abaserukiye imigambwe bari bitavye iyo nama barabajije igituma babuzwa gukoresha amanama kandi babimenyesheje abajejwe intwaro, umukuri w’umurwi CENI yamenyesheje ko ivyo bitari mu bikorwa vya CENI ariko ko izofasha mu gukoresha amanama aho ico kibazo gishobora kwigwa kigatorerwa umuti. Abaserukiye imigambwe barabajije kandi igituma itegeko rigenga amatora ririko rirategurwa atamwumvikano mwinshi kuriryo uhabaye ko bizohava bitera impari, abaserukira umurwi CENI bavuga ko ivyo gutegura amategeko bitari muvyo bajejwe ko bobo bakira itegeko bahawe.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply