NEWS

Umurwi ujejwe amatohoza wa ONU kuvyaha mu Burundi usaba kongerwa ikiringo

By

on

Mu kiganiro bahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kur’uyu wa kane, abakomiseri batatu batowe n’urwego rwa ONU rujejwe ivy’agateka ka muntu rukorera i Geneve bavuze ko akamaro k’ivyegeranyo batanga arukugira Leta baba bariko baravuga ihindure ingendo kandi nayandi ma Leta ashobore guhanura.

Abo bakomiseri bakavuga ariko ko bitoroshe iyo ico gihugu gifashe ingendo yo kwigendako kandi kigashigikirwa n’ibindi bihugu bikomakomeye mu nama y’umutekano ya ONU. Abo bakomiseri bakavuga ko atakindi borenzako atari gutanga ivyegeranyo vy’ihohotera rya kiremwa muntu biba vyabaye. Dudu Diene umwe mubari mur’abo ba komiseri akavuga ko babankiye kuja m’Uburundi gutohoza ariko ko bitababujije gukora.

Dudu Diene akavuga ko bakorana n’Ubumwe bw’Afrika na cane cane ibihugu vy’Afrika vyo mu karere k’ubuseruko bifise ijambo ryanyuma mur’ako karere. Abo bakomiseri bakavuga ko bokongerwa ikiringo kugira bakurikirane ingene agateka ka zina muntu kazoba kifashe imbere n’inyuma y’amatora yo mu 2020.

Leta y’Uburundi nayo iguma yiyamiriza ivyo vyegeranyo vy’abo bakomiseri b’uyo murwi w’amatohoza kuvyaha vy’agahomeramunwa wa ONU. Ikavuga ko bihengamye kandi ko m’Uburundi amahoro ari rya nawe. Mwomenya ko itariki 17 ukwezi kw’icenda ariho icegeranyo cagatatu k’Uburundi kizotangwa n’abo bakomiseri.

Recommended for you