NEWS

Agateka ka zina muntu koba gahonyangwa mu Burundi ?

By

on

Muri rapporo yasomwe kur’uyu wa kabiri n’umurwi ukwirikirana agateka ka zina muntu mu Burundi washinzwe n’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu, uvuga ko agateka ka zina muntu kabandanya gahonyangwa mu Burundi. Uwo murwi urongowe n’umunyasenegare, Doudou Diène, ufatira kw’iyugarwa ry’ibiro vya ONU vyari bijejwe gukwirikirana hafi iyubahirizwa ry’agateka kazina muntu. Uwo murwi ukabona ko hatari bwagere iryo yugarwa kuko inzego zihari n’amashirahamwe akurikirana ivyagateka ka zina muntu mu Burundi atigenga bikwiye kugira abuze amabi.

Mw’ijambo ryiwe i Genève m’ubuswise, Doudou Diène yamenyesheje ko kuvuga ico umuntu yiyumvira muri demokarasi mu Burundi bitera bisubira inyuma kuko amaradiyo n’amashirahamwe yigenga bidakora. Doudou Diene aragaruka kw’itozwa ry’amafaranga y’amatora avuga ko biba ku nguvu n’ubukene bwugarije abenegihugu. Umurwi ujejwe gukurikirana iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi washinzwe na ONU usaba iryo shirahamwe ONU gukwiriranira hafi amatora yo mu 2020.

Iyo rapporo yiyamirijwe n’abaserukiye Leta y’Uburundi i Genève. Tabu Renovat aserukira Uburundi murico gihugu c’Ubuswise,  yari mur’iyo nama, yamenyeshe ko uwo murwi washinzwe na ONU ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi utigenga ukoreshwa n’abatavuga rumwe na Leta y’Uburundi mugukwiragiza ibinyoma kandi ko urondera kwongerwa ikindi kiringo. Tabu Renovat asaba ko uwo murwi wokwibahiriza ubwigenge bw’Uburundi n’utwigoro dukorwa na Leta y’Uburundi mu kwibahiriza agateka ka zina muntu.

Ibihugu bikomakomeye vyitavye iyo nama nk’Ubumwe bwa Buraya busaba Leta y’Uburundi guhana ivyaha no gukomeza ubutungane mu Burundi, Igihugu c’Uburusiya kibona ko umutekano wiyongereye, kigasaba iyubahirizwa ry’ubwigenge bw’igihugu c’Uburundi, Ubuchinwa n’abwo bugasaba ko Uburundi bwofashwa muvy’ubutunzi bugahamagarira ibiganiro no kudafata ingingo za gihutihuti.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply