Mu gihe hariko haba ibirori muri komine Buhinyuza bishira ahabona ibikorwa vyaranguwe vyo kuzura no kwegeranya ibisigarira vy-abishwe mu mwaka w-1972 mu ntara ya Muyinga neza na neza mu makomine ya Mwakiro, Buhinyuza na Giteranyi na Mwakiro, icegera c-umukuru w-umurwi CVR ahamagarira abarundi bagize uruhara mu bwicanyi bwabaye mu mwaka w-1972 boba bakiriho ko botera intambwe nshasha bakatura ku vyo bakoze.
Pasitori Clement Noe Ninziza ariwe yari yaserukiye umurwi CVR mw-ivyo birori ndetse akaba ari n-icegera c-uwo murwi yavuze ati: ˮ…Abacumuye mu bandi boba bakiriho bikebuke bagire intambuko nshasha yo kwatura kuko kwatura akabi no gusaba ikigongwe imiryango n-igihugu vyabuze abo bitanka. Ico kigongwe kizobaha ukwidegemvya gusumvya iminsi mike basigaje kuba kw-iy-isi kizofasha kandi n-abo basize mu miryango yabo boroherwa kuko umwana w-umwicanyi aguma iceyi ndetse agenda akebaguzwa‟
Kubw-ico cegera c-umukuru wa CVR, avuga ko umurwi barongoye utariko uzura akaboze ahubwo ko waje kurondera ukuri kuvyabaye. Emmanuel Nkengurutse asanzwe avugira umugambwe w-abadasigana UPRONA utavuga rumwe n-ubutegetsi buhari amenyesha ko umurwi CVR watakaje icizere ku barundi bose kuko bari biteze ko uwo murwi werekana ubuhinga butomora neza abishwe n-igihe biciwe. Nyabuna ngo umurwi CVR wahinduwe igikoresho c-ubutegetsi bwa CNDD-FDD kugira bikureko amabi y-ubwicanyi bakoze.