Sunday, March 26, 2023
HomePoliticsUmurwi CVR usaba abagize uruhara mu bwicanyi bwo 1972 kusaba ikigongwe ku...

Umurwi CVR usaba abagize uruhara mu bwicanyi bwo 1972 kusaba ikigongwe ku neza y-uruvyaro rwabo.

Mu gihe hariko haba ibirori muri komine Buhinyuza  bishira ahabona ibikorwa vyaranguwe  vyo kuzura no kwegeranya ibisigarira vy-abishwe mu mwaka w-1972 mu ntara ya Muyinga neza na neza mu makomine ya Mwakiro, Buhinyuza na Giteranyi na Mwakiro, icegera c-umukuru w-umurwi CVR ahamagarira abarundi bagize uruhara mu bwicanyi bwabaye mu mwaka w-1972  boba  bakiriho ko botera intambwe nshasha bakatura ku vyo bakoze.clement noah ninziza, Burundi cvr - RegionWeek

Pasitori Clement Noe Ninziza ariwe yari yaserukiye umurwi CVR mw-ivyo birori ndetse akaba ari n-icegera c-uwo murwi yavuze ati: ˮ…Abacumuye mu bandi boba bakiriho bikebuke  bagire intambuko nshasha  yo kwatura kuko kwatura akabi no gusaba ikigongwe imiryango n-igihugu vyabuze abo bitanka. Ico kigongwe kizobaha ukwidegemvya gusumvya iminsi mike basigaje kuba kw-iy-isi kizofasha kandi n-abo basize mu miryango yabo boroherwa kuko umwana w-umwicanyi aguma iceyi ndetse agenda akebaguzwa‟

Kubw-ico cegera c-umukuru wa CVR, avuga ko umurwi barongoye utariko uzura akaboze ahubwo ko waje kurondera ukuri kuvyabaye.  Emmanuel Nkengurutse asanzwe avugira umugambwe w-abadasigana UPRONA utavuga rumwe n-ubutegetsi buhari amenyesha ko umurwi CVR watakaje icizere ku barundi bose kuko bari biteze ko uwo murwi werekana ubuhinga butomora neza abishwe n-igihe biciwe. Nyabuna ngo umurwi CVR wahinduwe igikoresho c-ubutegetsi bwa CNDD-FDD kugira bikureko amabi y-ubwicanyi bakoze.

 

Must Read