Sunday, March 26, 2023
HomeNewsUmurwi CNIDH uremeza ko hari abanywanyi babiri baborejwe igufa mu biro vy-iperereza.

Umurwi CNIDH uremeza ko hari abanywanyi babiri baborejwe igufa mu biro vy-iperereza.

Umurwi w-igihugu ujejwe ivy-agateka ka zina muntu mu Burundi CNIDH uremeza ko wakoze amatohoza kandi ko hari abantu bagera kuri babiri baborejwe igufa n-urwego rw-iperereza . Ubicishije ku rubuga ngurukanabumenyi rwawo, uwo murwi uvuga ko waganiriye n-abajejwe urwego rw-iperereza kandi ukaba wasanze ayo mabi yarakozwe koko.La Commission Nationale Indépendante des Droits de l'Homme, CNIDH, présente  son rapport annuel, édition 2020. - Assemblée Nationale du Burundi

Kuri urwo rubuga nyene rwa CNIDH, ruvuga ko rushishikariza urwego rw-iperereza  hamwe n-izindi nzego z-igihugu gukwirikiza amabwiriza agenga akazi hamwe no kurangura neza igikorwa biyemeje.

Naho biri uko, Ishirahamwe rukirisito rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi, rimenyesha ko hari n-abandi bantu bagera kuri 124 bakorewe ivyaha vyo kuborezwa igufa vyatohojwe n-amashirahamwe yigenga ariko umurwi CNIDH ntiwigeze ukorako amatohoza. ACAT-Burundi igasaba CNIDH ko ikora amatohoza ku bindi vyaha vyinshi vy-ihonyangwa ry-agateka ka zina muntu mu Burundi kandi ababikoze bagakubitwa inkoni mu gahanga. «Turashimiye amatohoza yakozwe n-umurwi w-igihugu CNIDH ko washoboye gutohoza ukemeza ko ibiro bikuru vy-iperereza mu Burundi hakorerwa ihohoterwa rya kiremwa muntu . Tukabasaba ko bobandanya bagakora n-ayandi matohoza  no kubandi barenga 124 basinzikarijwe ubuzima  nkuko vyatohojwe n-amashirahamwe yigenga y-agateka ka zina muntu mu Burundi kuva mu kwezi kwa Ruheshi mu mwaka w-2020  gushika itarike 4 kigarama 2021 maze abagirizwa ayo mabi bagashengezwa mu butungane hakurikijwe amategeko» Niko Armel Niyongere arongoye ACAT-Burundi avuga.

Must Read