Umurwi w-igihugu ujejwe ivy-agateka ka zina muntu mu Burundi CNIDH uremeza ko wakoze amatohoza kandi ko hari abantu bagera kuri babiri baborejwe igufa n-urwego rw-iperereza . Ubicishije ku rubuga ngurukanabumenyi rwawo, uwo murwi uvuga ko waganiriye n-abajejwe urwego rw-iperereza kandi ukaba wasanze ayo mabi yarakozwe koko.
Kuri urwo rubuga nyene rwa CNIDH, ruvuga ko rushishikariza urwego rw-iperereza hamwe n-izindi nzego z-igihugu gukwirikiza amabwiriza agenga akazi hamwe no kurangura neza igikorwa biyemeje.
Naho biri uko, Ishirahamwe rukirisito rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi, rimenyesha ko hari n-abandi bantu bagera kuri 124 bakorewe ivyaha vyo kuborezwa igufa vyatohojwe n-amashirahamwe yigenga ariko umurwi CNIDH ntiwigeze ukorako amatohoza. ACAT-Burundi igasaba CNIDH ko ikora amatohoza ku bindi vyaha vyinshi vy-ihonyangwa ry-agateka ka zina muntu mu Burundi kandi ababikoze bagakubitwa inkoni mu gahanga. «Turashimiye amatohoza yakozwe n-umurwi w-igihugu CNIDH ko washoboye gutohoza ukemeza ko ibiro bikuru vy-iperereza mu Burundi hakorerwa ihohoterwa rya kiremwa muntu . Tukabasaba ko bobandanya bagakora n-ayandi matohoza no kubandi barenga 124 basinzikarijwe ubuzima nkuko vyatohojwe n-amashirahamwe yigenga y-agateka ka zina muntu mu Burundi kuva mu kwezi kwa Ruheshi mu mwaka w-2020 gushika itarike 4 kigarama 2021 maze abagirizwa ayo mabi bagashengezwa mu butungane hakurikijwe amategeko» Niko Armel Niyongere arongoye ACAT-Burundi avuga.