NEWS

Umurwi CNIDH uratewe impungenge n’igurishwa ry’abantu mu Burundi

By

on

Umurwi w’igenga w’igihugu ujejwe ivy’agateka ka zina muntu CNIDH(Commission Nationale Independante des droits de l’homme) umenyeshako urajwe ishinga n’ibikorwa vyo gucuruza abantu vyibonekeza mu gihugu na cane cane mu ntara ya Makamba no mu gisagara ca Bujumbura.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatanu igenekerezo rya 9 Ruhuhuma 2018,Jean Baptiste BARIBONEKEZA arongoye CNIDH asaba ababijejwe bose ko bofata ingingo kugira itegeko rijejwe kugwanya ico caha rishirwe mu ngiro kandi n’abamaze kudandazwa bashobore gutahuka.

Jean Baptiste BARIBONEKEZA yamenyesheje ko umurwi w’igihugu ujejwe ivy’agateka ka zina muntu utera ivyatsi ibikorwa vyo guhohotera abana bikorwa n’abavyeyi canke ababanyi babo nk’uko bimaze imisni vyibonekeza bahorwa kwonona imirima.

Jean Baptiste BARIBONEKEZA,umukuru w’umurwi w’igihugu w’igenga ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi

Muri CNIDH batanga uburero nk’umuvyeyi yashatse guhamba abana babona abagiriza guca mun bigori vyiwe hamwe n’umugabo yaturiye umwana wiwe igikonjo muri komine Mabayi mu ntara ya C’ibitoke amuhora ko yakoze mu nkono.

Iruhande y’ivyo ,Jean Baptiste BARIBONEKEZA ashikiriza ko haciye amezi atari make ata kintu cibonekeje mu gihugu gica ivutu abanyagihugu.

Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe ivy’agateka ka zina muntu CNIDH usanzwe ukwirikiranira hafi uko agateka ka zin muntu kifashe mu gihugu harimwo n’abafungwa.

Naho bivugwa ko CNIDH yigenga abenshi siko babibona bamenyeshako ibiharuro kenshi bitangwa nuyo murwi aba ari ibikingira Reta.

Mu mwaka uheze wa 2018 igihe umukuru wa CNIDH yatanga insiguro zijanye n’uko agateka ka zina mnuntu kari kifsashe mu Burundi ntihasivye kabiri ativuguruje kuvyo yemeje imbere y’abashingamateka.

Recommended for you