Sunday, March 26, 2023
HomeNewsUmurwi CNIDH uragirizwa na Ligue ITEKA ko utanga ivyegeranyo bitari ivy-ukuri.

Umurwi CNIDH uragirizwa na Ligue ITEKA ko utanga ivyegeranyo bitari ivy-ukuri.

Umuhari Ligue Iteka uvuga ko ivyegeranyo wama usohora bitandukanye cane n-ivyo umurwi w-igihugu ujejwe ivy-agateka ka zina muntu mu Burundi CNIDH uza ukunda gutanga. Ligue Iteka ivuga ko muri rusangi  CNIDH ivyegeranyo vyayo isohora vyagaza Leta y-uburundi.CNIDH-Burundi (@CNIDH_Bdi) | Twitter

Kubwa Anschaire Nikoyagize, ngo mu muhari Ligue Iteka basanzwe barongoye ngo ntibariko batangazwa na gato ku bikorwa vy- umurwi w-igihugu wigenga ujejwe ivy-agateka ka zina mu Burundi kuko ngo biraboneka neza ko ukorera ku gitsure ca Leta y-uburundi. Uwo arongoye Ligue Iteka aratanga akarorero ka hagufi  kerekana ko CNIDH ikorera ubutegetsikandi ko atabwo wigenga na gatoyi, aha Ligue Iteka ivuga igihe uwurongoye CNIDH yari mu nama nshingamateka, yabwiwe  n-umukuru w-inama nshingamateka ko ivyo yavuze mu cegeranyo yanditse yobikuramwo kandi ngo yaciye abikwirikiza arabikuramwo. Uwurongoye Ligue Iteka abona ko  ko hamwe umurwi CNIDH wogerageza kuza urasohora ivyegeranyo bitandukanye n-uko Leta ibibona , uwo atwara CNIDH yoca akurwa mu mabanga canke ngo akanashobora kugirirwa nabi mu kwagirizwa ko arico acapfuza igihugu mu kugiha isura mbi mu makungu.

Ligue Iteka ivuga kandi ko ivyegeranyo ishikiriza biba biri mu ntumbero yo gufasha Leta ishobore kwikosora  aho bitagenda neza. Kuko ngo ivyo  vyegeranyo bitangwa na Ligue Iteka ntanahamwe vyigera bibesha ku biba vyabaye , ko rero na CNIDH yategerezwa kuza irereka Leta ibitagenda neza kugira yikosore.

Tubibutse ko umurwi w-igihugu wigenga ujejwe ivy-agateka ka zina muntu mu Burundi uherutse kusubizwa ku rwego rwa ˮ statut A‟ Inyuma yo gukororwa  kuva mu mwaka w-2018 ukashirwa ku rwego rwa ˮstatut B‟ uhorwa  ko mu ndyane zo mu mwaka w-2015 , uwo murwi ataco wigeze ukora ko waguma wirabira hirya, ndetse ukanashikiriza ivyegeranyo bishigikira Leta.

 

Must Read