NEWS

Umurundikazi Iterineza Christa yamenyekanye kwisi nzima kubera ukuririmba neza ” Raba hano video

on

christa

Uwavuze ko abarundi bafise impano zidasanzwe ntiyabeshe, ivyo n’ibiheruka kwibonekeza kumunyeshure wumurundi azwi kwizina rya Iterineza Christa aho kugeza ubu ariko aramenyekana cane ku rwego rwo kwisi nyuma yaho habonekeye amashusho yiwe ariko araririmba indirimbo ya Beyonce izwi kwizina rya hello.

iterineza

uno mukobwa nkuko biboneka afise ijwi ridasanzwe kandi ryiza cane kuburyo abatari bake babandanya kuvuga ko hamwe habonetse abomufasha gusohora indirimbo ziwe bwite ko ashobora kugera kure cane ndetse agatuma umuziki wuburundi umenyekana ku rwego rwo kwisi.

kugeza ubu Video yiwe iguma icanacanako kubuhinga ngurukanabumenyi hamwe no kumateleviziyo atandukanye akomeye kwisi , ikindi naco nuko imaze kubonwa nabantu barenga imilioni 3 kuri Facebook ( 3.000.000 Views ) abayikunze nabo bakaba barenga i ( 71.100 Likes )

UBM News tubibutse ko uno mukobwa ” Iterineza christa verra dreynic ” asanzwe ari umunyeshure aba muntara ya Gitega iri mu Burundi.