Thursday, December 1, 2022
HomeNewsUmurundi yemeye gufasha impunzi zo muri Ukraine ari mu kinyegero inyuma yo...

Umurundi yemeye gufasha impunzi zo muri Ukraine ari mu kinyegero inyuma yo guhirwa n-iperereza.

Umurundi yitwa Adrien Nimpagaritse wo muri komine Butaganzwa (intara ya Ruyigi) yaheruka gutangaza kuri Radiyo y-abongereza BBC ko yemeye gutanga ibiro ijana  vy-intete z-ibigori  kugira afashe  abanya ukraine bahunze intambara iriko ihuza uburusiya na Ukraine, ari mu kinyegero  kuva kuri uyu wa kane w-indwi iheze inyuma yaho abakozi bo mw-iperereza bigize abamenyeshamakuru  kugira bamunyuruze bamuhamagaye kuri terefone ngendanwa yiwe.Image

Nkuko tubikesha ikinyamakuru Sos médias Burundi , Adrien Nimpagaritse yahamagawe kw-iterefone mu ndwi iheze  ku musi wa kane n-abantu biyita ko ari abamenyeshamakuru bakorera iradiyo y-abongereza BBC, maze bamubwira ko bagomba bagiriranira ikiganiro ku bijanye no «gutanga  ibiro ijana vy-intete  z-ibigori ku mpunzi zo muri Ukraine».  Niko guca Nimpagaritse atangura gukebwa ko hari ikitagenda neza  maze aca arungika  umuntu kuraba  nimba koko abo bantu baje kumurondera ari ivy-ukuri abamenyeshamakuru bo kuri Radiyo BBC. Uwo mugenzi we yasanze imodokari  abo bantu bajemwo  ari i kamyonete ifise ibiyo bitabona. Yamuhanuye kutaja kubaraba ariko aruhira kugenda. Nimpagaritse ashitseyo, ba bantu bamusavye kwurira iyo modokari  kugira ngo baje kugiriranira ico kiganiro aho abantu batabona . Ariko yarashoboye kubacika ariruka.

« Bagumye muri iyo micungararo gushika mw-ijoro ryo ku musi wa kane  kugira ngo barabe ko bomucakira agarutse»  Niko abanyagihugu babwiye Sos Médias Burundi. Kuva uwo musi, Adrien Nimpagaritse ari mu kinyegero kugutinyira umutekano n-ubuzima bwiwe ko vyohungabana.

Nkuko bibadanya bivurwa na Sos Médias Burundi , Uwo muvyeyi w-abana batatu yari yituye buramatari w-intara ya Ruyigi , Tabu Emmerencienne ariko yamubwiye ko yoja kuraba musitanteri wa komine Butaganzwa  kugira ngo « batore umuti w-ico kibazo». Naho ata mvo y-ukuri iraja ahabona kubijanye n-iryo totezwa ry-uwo munyagihugu, nuko abanywanyi bo mu mugambwe CNDD-FDD hamwe n-abakozi bo mw-iperereza ry-uburundi bafata igikorwa  Adrien Nimpagaritse yakoze  nk’« igitutsi  kuri Leta y-uburundi itatanze na kimwe».

 

 

Must Read