NEWS

Umurundi yahatswe kwicirwa mu Rwanda.

on

Ubushikiranganji bw’umutekao bw’Uburundi bwashize ahabona isanamu y’umgabo w’Umurundi wo mu ntara ya Kirundo yahatswe kugandagurirwa mu gihugu c’Urwanda.

Nk’uko ubwo bushikiranganji bubivuga, abasirikare 6 bajejwe umutekano w’Urwanda  barafashe umurundi yitwa Ndaruzaniye, hama afungwa imisi itatu.

Abo basirikare batandatu b’Urwanda bakaba bagiriza uyo Ndaruzaniye kuba yasubiye mu Rwanda kuraba umugore wiwe(umunyarwandakazi) n’abana kubera ko bari batandukanijwe maze Ndaruzaniye aca yirukanwa aja mu Burundi, niko ubwo bushikiranganji bubandanya buvuga.

Pierre Nkurikiyer asanzwe avugira ubwo bushikiranganji, yamenyesheje ati: [Ndaruzaniye] avuka mu [ntara ya] Kirundo. Yari yasubiye [mu Rwanda] kuraba umugore n’abana babatandukanije”.

Nkurikiye abandanya amenyesha ko abo basirikare b’Ubrwanda banize uyo Ndaruzaniya. “Bamunize n’ikiziriko baca baterera mw’ishamba rya Nemba (Gasenyi Nemba) bibaza ngo yacikanye. Buramatari [wa Kirundo] n’igipolisi nibo bagiye gutora uyo Ndaruzaniye bamuvana mu gihugu c’Urwanda”.

Abarundi bamwe bamwe bakaba babibona ko ari ‘agasomborotso’ igihugu c’Urwanda kiriko gikora ku Burundi na rirya ivyo bihugu bisanzwe bidafitanye umubano mwiza na cane cane kuva mu mwaka wa 2015.

 

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.