NEWS

Umurundi yafatiwe i Kagera muri Tanzania.

on

Umunyagihugu w’umurundi yitwa Michel Nzorijana yafatiwe muri Tanzania muri District ya Kagera mu Buraruko bushira uburengero bwa Tanzania yagirizwa kuhaba mu buryo budaciye mu mategeko kuva mu mwaka wa 2013.

Igisata kijejwe abimukira muri Tanzaniya kikaba arico cahagaritse uyo Murundi basanga afise urukaratasi rw’amatora rwa Tanzania, kandi akaba yari afise umugambi wo kurondera ubwenegihugu aho muri Tanzania aciye mu nzira zitazwi, nk’uko ikinyamakuru caho Tanzania, Jamii Forums, kibimenyesha.

Michel Nzorijana akaba yaturuka mu ntara ya Muyinga, muri Komine Giteranyi nk’uko biboneka kuri passport yiwe yateweko ikidodo co kwinjira muri Tanzania mu mwaka wa 2013.

Tanzania ikaba ifiseyo Abarundi benshi bagendayo bagiye kurodera ubuzima, bamwe bakamarayo imyaka gushika naho biyumvira ibijanye no kurondera impapuro zituma bibera aho muri Tanzania.

Recommended for you