NEWS

Umurundi umwe yagumijweko ibihano n’Ubwongereza.

on

Umunyagihugu umwe w’Umurundi yagumijweko ibihano vy’ivy’Ubutunzi n’igihugu c’Ubwongereza kubera ukwagirizwa guhonyanga agateka ka zina muntu. Uwo murundi akaba ari NIYONZIMA Mathias Joseph batazira Kazungu.

NIYONZIMA Mathias Joseph atazirwa Kazungu asanzwe akorera mu rwego rw’igendereza ry’Uburundi akaba yagirizwa n’Ubwongereza guhonyanga bikabija agateka ka zina mu Burundi, na cane cane kuva mu mwaka wa 2015 aho hatangura imigumuko mu Burundi.

Ikigo kijejwe ubutunzi co mu Bwongeereza (Her Majesty’s Treasury) nico cafashe iyo ngingo maze kimenyeha ko ubutunzi bwose bw’uwo murundi bubandanya bufashwe(asset freeze).

Igihugu c’Ubwongereza kiri mu bihugu vy’Ubumwe bwa Buraya vyafatiye ibihano Abarundi bamwe bamwe bagirizwa guhonyanga agateka ka zina muntu bikabije.

Recommended for you