NEWS

Umurundi ”Largie Ramazani ” yasinye muri Manchester United.

on

Largie Ramazani, umwana w’imyaka 16, yasinye mu mugwi wa Manchester United kuri uno wa mbere, igenekerezo rya 3 Mukakaro, inyuma ya Victor Lindoelf yaheruka kuja muri uyo mugwi.

Ibinyamakuru bikomeye ku mugabane wa bulaya, vyashize ahabona ko umusore, afise amamuko hano mu gihugu c’Uburundi, ndetse akaba ari naho yavukiye, inyuma y’uko aja mu gihugu c’Ububiligi, Largie Ramazani yaronse amasezerono my murwi Manchester United.Largie Ramazani, akaba ari umukinyi w’umusatirizi ku numero 10, yatanguiye ivy’ugukina umupira w’amaguru afise imyaka icumi, gushika ku myaka 13 yari mu mugwi wa Anderlecht, abandaniriza mu gihugu c’ubwongereza muri Charlton Athletics, ari naho avuye kuri uno munsi.

Largie agiye gukina mu mugwi w’abakiri bato ba Manchester United, amasezerano akaba yahawe y ikiringo c’umwaka, akazoshikira mw’ishure rya Manchester United, amaze gukwiza imyaka 18, akazohabwa amasezerano nk’umukinyi ahawe akazi akwije imyaka.Ivyo binyamakuru bikanamenyesha ko yariko aronderwa n’imigwi ikomeye nka Chelsea, Arsenal, Fulham, West Ham, Tottenham; Manchester City na Brighton.

SRC : Indundi

Recommended for you