Wednesday, May 31, 2023
HomeNewsUmuririnvyi w'Umurundi aba hano muri America '' Aime M '' yatanze Infashanyo...

Umuririnvyi w’Umurundi aba hano muri America ” Aime M ” yatanze Infashanyo yabahitanywe n’imvura mu Burundi

Ejo igenekerezo rya 10 rusama niho hatangwa imfashanyo y’amasabuni ku bashikiwe n’ivyago vy’ukubomorerwa imvura, vyatanzwe n’umurwi urongowe n’umuririmvyi w’umurundi ari muri leta zunze ubumwe za america.


Aimee Baltimore

Mu ntumbero yo gushigikira abarundi bashikiwe n ivyago vyo kubomorerwa amazu n imvura idasanzwe yasize imiryango myinshi kurya musonga, umuririmvyi Aimee mugabo n ihera batazira baltimore yegeranije uburyo buherekeza indirimbo yise imvura yakozwe nabo baririmvyi nyene batari bake baba abarundi hamwe n abanyamahanga.

Aya n’amwe muri ayo masabuni

Ubwo buryo bukaba bwahavuye burungikwa mu burundi kugira bushikirizwe ababugenewe, ivyo bikaba vyabereye mu kinama ku kibuga kw i komune ahegeranirijwe abahuye n’ivyo vyago. Hakaba hashikirijwe amasabuni angana n’udupake 128 turimwo amasabuni 24.

Sources : Indundi

Must Read