Tuesday, May 30, 2023
HomeNewsUmuririmvyi '' Sat-B yadukanye ingeso mbi '' Muri Video ziwe atanguye gushiramwo...

Umuririmvyi ” Sat-B yadukanye ingeso mbi ” Muri Video ziwe atanguye gushiramwo abakobwa bari gusa !

Umuririmvyi Sat-B numwe mubaririmvyi bakunzwe cane ndetse bamaze kubaka izina m’umuziki wi Burundi, ariko nubwo biruko murino minsi izina yari yariyubakiye niwe ubwiwe kandi atanguye kuryisamburirako bivanye nibikorwa bigayitse ndetse bitamuhesha agaciro ariko arakora.

sat b

Sat-B yibagiye kw’ari umuririmvyi w’umurundi atangura gukora bimwe bikorwa n’abaririmvyi bamaze gutera imbere cane mu bihugu bikakomeye kwisi, akarorero ninkahano muri America kuko ari igihugu giteye imbere, iyo umuririmvyi akoze ibintu nkibi Sat-B yakoze hano, we aronka Promotion imeze neza, izina ryiwe rikaja hejuru ariko mu Burundi ho siko bimeze kuko ubikoze uzosanga uriko urimarirako abakunzi bakunda ibikorwa ukora.

UBM News Ntituzi ukuntu twaguye kuraka vidéo karimwo umukobwa yambaye aga kola kabonerana, uwo mukobwa akaba yariko arafilimwa na Sat b. uwo mukobwa ariko ntabwo bamufilimyé mumaso ngo tumubone, uwo mukobwa rero ntituzi nimba tuzomubona nko muri clip, ivyo nivyo duhanze amaso, ikindi naco kigayitse kitamuhesha agaciro kiri murino Clip Video, Sat B aboneka ariko arakora kumabuno yumukobwa, amubwira ngo ntangorane nibintu bitoya gusa.

UBM News ino nkuru tuyadikanye umutima w’urukundo mugukebura Sat-B, kuko niyabandanya muri buno buryo azosanuka n’umuziki akora utagihabwa agaciro.

Ese bino bintu yakoze wewe urabona bimuhesha agaciro canke bimusubiza inyuma m’umuziki akora ?

Must Read