Indirimbo Mugacerere ya Q – Boy ,igiye gusubirwamwo n’abaririmvyi 3 aribo Q-Boy ,SAT- B hamwe na DIAMOND Platnumz . Ivyo rero bikaba bimenyeshwa n’umuhinyanyuzi LIZER CLASSIC .
Nyuma yaho abaririmvyi SAT B na Q.BOY bakoreye indirimbo bataziriye MUGACERERE ,iyo ndirimbo yarakunzwe n’abatari bake ivyo bikaba vyabonekeye mu maradiyo atandukanye ,imboneshakure (TV) hamwe n’abafans na cane cane abasanzwe bakunda indirimbo z’umuririmvyi SAT B.
Hirya no hino mu gihugu hagati iyo ndirimbo ikaba yarabiciye biracika.Umuhinyuzi Lizer Classic akaba yemeza ko na instrumental yiyo ndirimbo yamaze kuyirungikira umuhinyanyuzi wa Diamond Platnumz muri Tanzania, uyo muhinyanyuzi yabandanije avuga ko Diamond Platnumz asaba ko na na clip Video boyisubiramwo.
Kuvyerekeye isubirwamo ryino ndirimbo, umuririmvyi Sat-B aravyemeza ndetse akaba yatubwiye ko afitaniye programe na Q BOY muri Tanzania