Inyuma yo gutahukana intsinzi mwihiganwa rya PRIMUSIC 2013 ritunganwa n’ishirahamwe BRARUDI , umuririmvyi MATABARO Patient yaraye aronse amahigwe yo gushira umukono ku masezerano yo kugurisha indirimbo ziwe mu ma terefone ngendanwa.
Ayo masezerano akaba yabaye hagati y’uwo muririmvyi n’ishirahamwe rifise icicaro mu gihugu c’ubuganda ariko muri kino gihe rikaba rirangurira imirimo yaryo na hano mu gihugu cacu.
MATABARO Patient akaba azwi cane mu ndirimbo Feelings yaririmbanye na BIG FIZZO hamwe na changu ni changu yaririmbanye na R Flow . kiretse izo ndirimbo yasohoranye n’abandi barimvyi yarasohoye n’izindi wenyene aho twovuga nka Bado Nipo na Nzoza ari nayo yamuhaye amahigwe yo gushira umukono kurayo masezerano yo kugurisha indirimbo mu ma terefone ngendanwa ariyo yatowe ubwa mbere mu ndirimbo ziwe.
[youtube id=”LOd6UJnrWFg” align=”center” mode=”normal” autoplay=”no” maxwidth=”640″]