Inyuma yaho Umuririmvyi OLEGUE BARAKA benshi bazi kw’izina rya «Délégué général» atangarije ko agiye guteramisha ku musi wa Pasika abanya Maramvya , muri Komine Mutimbuzi , Musitanteri wa Komine Mutimbuzi Simon Butoyi yahavuye yandika ikete amenyesha ko ico giteramo kitazoba kubera ko imico n-imigenzo vy-uburundi bitubahirijwe.
Amakuru dukura mu baryango biwe, Umuririmvyi OLEGUE yahavuye afatwa n-inzego z-umutekano kugira abazwe yongere asigure amajambo yakoresheje mu butumwa bwa Videho igihe yariko ararika abanyagihugu bo muri Zone Maramvya no mu micungararo yaho gusidukana n-iyonka mu giteramo yabateguriye kw-i pasika. Amajambo bamwe n-abandi bafata ko ari ay-ibiterasoni. OLEGUE akaba yaraye ijoro ryiwe rya mbere kuri uyu wa gatanu mu gasho k-igipolisi BSR mu gisagara ca Bujumbura.
Tubamenyeshe ko uwo muririmvyi atari irya mbere atawe mu mvuto yagirizwa ivyaha vyo guhonyanga imico n-imigenzo vy-uburundi. Ubuheruka akaba ari mu mwaka wa 2019 aho yafunzwe yagirizwa n-igipolisi c-uburundi mu «gukwegera abantu mu buhumbu no guhungabanya imico y-ikirundi». Hari inyuma y-isanamu y-ururirimbo rwiwe yari yasohoye yise «Délégué général».