Sunday, March 26, 2023
HomeNewsUmuririmvyi OLEGUE arafunzwe inyuma yo kubuzwa igiteramo yogize muri Zone Maramvya.

Umuririmvyi OLEGUE arafunzwe inyuma yo kubuzwa igiteramo yogize muri Zone Maramvya.

Inyuma  yaho Umuririmvyi OLEGUE BARAKA benshi bazi kw’izina rya «Délégué général» atangarije ko agiye guteramisha ku musi wa Pasika abanya Maramvya , muri Komine Mutimbuzi , Musitanteri wa Komine Mutimbuzi Simon Butoyi yahavuye yandika ikete amenyesha ko ico giteramo kitazoba kubera ko imico n-imigenzo vy-uburundi bitubahirijwe.Image

Amakuru dukura mu baryango biwe, Umuririmvyi OLEGUE yahavuye afatwa n-inzego z-umutekano kugira abazwe yongere asigure amajambo yakoresheje mu butumwa bwa Videho igihe yariko ararika abanyagihugu bo muri Zone Maramvya no mu micungararo yaho gusidukana n-iyonka mu giteramo yabateguriye kw-i pasika. Amajambo bamwe n-abandi bafata ko ari ay-ibiterasoni. OLEGUE akaba yaraye ijoro ryiwe rya mbere kuri uyu wa gatanu mu gasho k-igipolisi  BSR mu gisagara ca Bujumbura.

Tubamenyeshe ko uwo muririmvyi atari irya mbere atawe mu mvuto yagirizwa ivyaha vyo guhonyanga imico n-imigenzo vy-uburundi. Ubuheruka akaba ari mu mwaka wa 2019 aho yafunzwe yagirizwa n-igipolisi c-uburundi mu «gukwegera abantu mu buhumbu  no guhungabanya  imico y-ikirundi». Hari inyuma y-isanamu y-ururirimbo rwiwe yari yasohoye yise  «Délégué général».

 

Must Read