MUSIC

Umuririmvyi Natacha Ngendabanka yaranse kuja mw’ihiganwa Primusic

By

on

Nkuko tubisoma kur’urubuga rwa Natacha Ngendabanka batazira La Namba La Noma La Boss rwa Facebook yamenyesheje ko ashimye cane ubutumire ishirahamwe Brarudi bwamuhaye bwo kuja mw’ihiganwa ry’umusiki iryo shirahamwe ryatunganije mu Burundi bwose. Iryo higanwa rigamije gushira ahabona abaririmvyi bose bo mu ntara zose bakiri bato na bakuru.

Natacha Ngendabanka yamenyesheje ko agahembo bamuhaye ari gato atagashimye ko ahebeye abaririmvyi bakiri bato nabo bisununure bagure agasabuni. Mwomenya ko Natacha Ngendabanka amaze kwanka kuja mu giteramo Celebrity Night catunganijwe na DJ Paulin atwara Cristal Events aho yari yatumiye umuririmvyi Sheebah Karungi wo mu gihugu c’Ubuganda n’abandi baririmvyi babarundi. Bakaba bapfuye amahera yo kumuhemba hamwe n’ikibanza Natacha yoririmbamwo imbere canke inyuma y’umuririmvyi Cheebah Karungi baririmbanye indirimbo Wangu.

Mwomenya ko Natacha Ngendabanka amaze gutwara ubushimwe nka SICA na Hipipo Music mu gihugu c’Ubuganda. Umushingantahe wiwe akaba ari nyene Hotel Club du Lac Tanganyika, akaba ariwe amushigikiye cane mur’uyo mwoga wiwe wo kuririrmba. Mubibona gute ? Ufise gute ?

Recommended for you