NEWS

Umuririmvyi Kidumu yahagaritse gukorera ibiteramo vyiwe mu Burundi no mu Rwanda

on

Umurirrimvyi w’umurundi, Jean Pierre Kidumu, yahagaritse gukora ibiteramo vyiwe mu gihugu c’Uburundi hamwe no mu gihugu c’Urwanda.

Ikibitumye cose ni ingingo igihugu c’Urwanda giheruka gufata yo kumenyesha ko uwo muririmvyi w’umurundi Jean Pierre Kidumu yankiwe gukorera igiteramo ciwe i Kigali muciswe Kigali Jazz Junction.

Jean Pierre Kidumu yaciye amenyesha abicishije ku mbuga ngurukana bumenyi ko yafashe ingingo yo guhagarika gukora ibiteramo vyo kuririmba mu Burundi no mu Rwanda kugira ‘yigabanirize abansi’.

kidumu aravuga ko abangamiwe cane muri ivyo bihugu vyose, Uburundi n’Urwanda aho avuga ko hama habaye amagerageza yo kurangiza ubuzima bwiwe.

“Hatabaye ukumpa uburozi, haba ukugerageza kunyica”, niko Kidumu yanditse avuga.

Kidumu agasaba ko abo bose bofata iyo ngingo yiwe ku bw’imvo za politike ko bovyihoza kuko wewe si ‘umunyapolitike kandi ntavyo ariko apanga kuba’, nk’uko yabimenyesheje.

Bamwe bamwe baribaza nimba ivyo biriko birava mu kutumvikana kuri hagati y’Uburundi n’Urwanda kwahabaye kuva mu mwaka wa 2015.

Recommended for you