Entertainment

Umuririmvyi Fortran avuye mu Bufaransa yatumiye ibihangange mu biteramo vyimirije

By

on

Umuririmvyi w’indirimbo z’uguhimbaza Imana (Gospel), Fortran BIGIRIMANA abarizwa mu gihugu c’Uburundi kuva mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana. Aho ni inyuma y’iminsi itari mike yari amaze aba n’umuryango wiwe mu gihugu c’Ubufaransa. Ashitse mu Burundi, yamenyesheje ko incuro ya kabiri y’urukurikirane rw’ibiteramo agiye gukora izoba itandukanye cane n’iya mbere. Uwo muririmvyi w’inzobere mu ndirimbo zihimbaza zikanatazira Imana abivuga yishimikije ibihangange vy’abaririmvyikazi mvamakungu bizoza kumushigikira.

Ashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, yaganiriye abamenyeshamakuru ko intango z’ukwezi kwa Mukakaro, Uburundi n’Abarundi eka n’Abanyamahanga bazohezagirwa mu biteramo birimwo n’ubutumwa, Fortran na bagenzi we bazokora.

Maggie Blanchard avuye mu gihugu ca Canada azwi mu ndirimbo nka : Il agira, Jamais je n’oublierai, Gloire à ton nom, Eternel ma force n’izindi nyinshi zabiciye bigacika mu mpande zose z’isi azokwishikira mu Burundi aho azokwerekana uburambe n’imihezagiro amaze kuronka mu ndirimbo zihimbaza Imana.

Iruhande yiwe, Dena Mwana azoba avuye mu gihugu kibanyi ca Congo nawe azwi mu ndirimbo nka : Il fera, le Nom de Jésus, Nzambe monene, Ta présence,… n’izindi nawe azobica bicike muri iyo minsi.

Kuri abo baririmvyi, twongerako umuririmvyi Christian. Abo bose ni abatumire ba Fortran mu biteramo vyitiriwe “Fragrance in Worship” ku ncuro ya kabiri mu Burundi.

Fortran akibutsa abaririmvyi bose muri rusangi n’abo mu gisata c’indirimbo zitazira zikanahimbaza Imana gusidukana n’iyonka kuvoma ubumenyi kuri izo zobere mu mwuga (Blanchard na Dena), agahamagirira abakunzi biwe iyo bava bakagera kuza kumushigikira mu kwakira abo baririmvyi mu ntumbero yo kwerekana umugirwa wo kwakira abashitsi w’Abarundi , eka no kwerekana ishusho nziza y’Uburundi.

Ibiteramo bizoba ku ma genekerezo ya 05 na 08 Mukakaro kuri Club du Lac Tanganyika no mu bigo vya El Shaddai

Recommended for you