Nkuko twabibashikirije munkuru yaheruka umuririmvyi Eddy KAMOSO ibiteramo vyiwe 2 yise ‘ Moto’ bizoba ukuri kwamye kuko igipapuro ndangagiteramo (affiche) yamaze kuja ahabona . Amenyesha yuko imyiteguro imeze neza kandi ko atankeka yuko ivyobiteramo vyompi bizogenda neza .
Eddy Kamoso amenyesha yuko ibijanye n’ibiteramo vyiwe bibandanya bikomera gutegurwa neza ndetse nukuronka imihezagiro kuruta uko yari avyiteze kuko imboneshakure yitwa CITIZEN yomugihugu ca Kenya izoza iherekeza umuririmvyi Esther WAHOME kandi uko biteguwe nuko igiteramo kizokwerekanwa live kuri Citizen channel 2 ivyobiteramo 2 bikazorabwa gusa n’abantu bari muri Kenya . Imboneshakure izwi kw’izina rya LMTV yomugihugu ca Cote d’Ivoire nayo ngo yemeye kurungika uruganda rw’abamenyeshamakuru kugira bakurikiranire hafi ivyobiteramo uko ari bibiri .