MUSIC

Umurimvyi Diamond Platnumz yitabwe n’abantu benshi mu Burundi

By

on

Nkuko abakozi b’ishirahamwe Brarudi ryatunganije ihiganwa Primusic rikanatumira umuririmvyi Diamond Platnumz, Big Fizzo na Sat Be babivuga abantu bashika ibihumbi 65 nibo bitavye ihiganwa Primusic. Photo crédit.

Umuririmvyi akomeye cane wo mugihugu ca Tanzaniya, Diamond Platnumz, yagiye gushika i Bujumbura igihe c’isaha zine zagatondo. Akaba yaraherekejwe n’abaririmvyi bagenzi we aribo Sat- Be na Big Fizzo n’abatunganije ihiganwa Primusic. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Diamond Platnumz yavuze ko akunda igihugu c’Uburundi kuko ahafise umuryango muri zone Buyenzi na quartier Jabe.

Diamond Platnumz akavuga ko akunda kandi umuziki w’abarundi ko uwiyumva aririmba neza ko yoza bagakorana.

Isaha icenda niho ihiganwa Primusic ryatangura kukibuga c’ishure ry’imyuga ETS. Hakaba hibonekeza imirongo miremire y’urwaruka ruri mu buruhuko n’abandi bashaka kwinjira kuraba ico giteramo. Umwigeme yitwa Tetero Laurette akaba ariwe yabaye uwambere mu baririmvyi bahiganwa, yaciye ahabwa agashimwe k’imiriyoni 25 z’amarundi.

Umuririmvyi yararindiriwe cane murico giteramo yari Diamond Platnumz akaba yashitse aho aririmbira igihe c’isaha zibiri zijoro aca arangiza igihe c’isaha zine zijoro. Hakaba hari umusunikano mwinshi kugeza aho hari abakomeretse n’abana bazimiye.

Recommended for you