NEWS

Umupolisi avuga ko ‘azotuza’ abanywanyi bo mu mugambwe CNL.

on

Ku mbuga ngurukana bumenyi hariko hakwiragira amajwi y’umwe mu gipolisi c’Ubrundi, Jerome Ntibibogora, avuga ko agiye gutuza abatavuga rumwe na leta bahurukiye mu mugambwe CNL wa Rwasa Agathon.

Ayo majwi yemejwe na nyene kuyavuga, Jerome Ntibibogora, kuri Iwacu mu gusubiramwo ko agiye guhagurukira aba CNL kubera amana bagirizwa ngo bakora mw’ijoro.

Uwo mupolisi avuka mu ntara ya Cibitoki akamenyesha ko ‘agendana ibirwanisho vyo guturitsa’ ashobora kwikorako mu guhonya umuryango wose waba CNL.

Jerome Ntibibogora

Ugomba guhangabanya umutekano ndafise ibintu ngendana harya ngenda nkakubitayo bibiri nkaca nigira. Biribiri gusa. Na none bibiri noba ngize vyinshi”, niko Jerome Ntibibogora yavuze.

AFP kandi ikaba imenyesha ko yatohoje ibijanye n’amajwi ya Jerome Ntibibogora isanga nivyo.

AFP ikaba yagerageje kubaza mu gipolisi c’Uburundi ibijanye nayo majambo y’ugutera ubwoba ariko akaba ataco bashimye kubivugako mu gipolisi no mu Bushikiranganji bw’intwaro yo hagati.

AFP ikaba yabajije umutegetsi umwe w’Uburundi atashimiye kwivuga izina maze amenyesha ko uwo mupolisi Jerome Ntibibogora yakoresheje ‘ishaka rirenze urugero(Exces de zele).

Umupolisi ntakwiye kuvuga ayo majambo kubera ko bitajanye n’umugambi wa leta y’Uburundi“, niko uwo mutegetsi atashimye kwivuga izina yabwiye AFP.

Raba hano amajambo yose yavuzwe na Jerome Ntibibogora,mugire ico mumenye( Ayo majambo akaba yegeranijwe yongera ashirwa ahabona na Iwacu):

“Mwavuze ikintu ca, namba ari SNL nk’ivyo ntitubimenya mu giporisi, CNL namba SNL biratugora kuvuga. Mugabo nagomba ndababwire nyakubahwa buramatari n’abegihugu bari ngaha. Harya ngomba ndababwire. Abantu bagira inama mw’ijoro. Muntu uriko ugira inama mw’ijoroǃ Ukihenda ukayigirira iwawe, twebwe tukabimenya yuko uriko ugirisha inama iwawe, uzoba uriko ukwegera umuryango wawe”.

“Birazwi neza yuko ugiye ukiherera satanu z’ijoro ukaja mu nzu yawe ukagirisha y’inama, birazwi jewe komiseri provincial sinkigomba kuruha rwose. Ugomba guhangabanya umutekano ndafise ibintu ngendana harya ngenda nkakubitayo bibiri nkaca nigira. Biribiri gusa. D’ailleurs bibiri noba ngize vyinshi. Ntiwiyumvire ko le commissaire provincial azobwira umuporisi ngo ngenda uriko ugira inama mu nzu ngo ngende kukurarira ngo ngiye ku gufata. Ivyo vyari ivya kera”.

“Ugomba guhungabanya umutekano duhereza aho nyene. Uri kumwe n’abana n’umugore mugira rimweǃ Kuko kirazira kurwanira mu magi. Iyo ugomba kurwanira mu magi ayo magi barayamena nyene. Nivyo uba wogomvye. Twembwe twagomba kubasaba abo bantu bariko bagira inama mu kinyegero, mumenye yuko uwo tuzosanga ari mu nzu, ari iyo nzu, ari abayirimwo, ntihazogire umuntu atubaza. Nyakubahwa buramatari ndabivugiye aha. Ntimuzotubaze. Kandi ndabibwiye abenegihugu banyu. Na ba musitanteri baravyumva. Mugende mu bivuge”.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.