Wednesday, May 31, 2023
HomeNewsUmupfasoni Christine NTAHE niwe aramutswa CROIX ROUGE mu Burundi.

Umupfasoni Christine NTAHE niwe aramutswa CROIX ROUGE mu Burundi.

Umupfasoni Christine NTAHE, benshi bazi kw-izina rya «Maman Dimanche» yatowe kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 5 Nzero 2022 ngo arongore umuryango utabara imbabare CROIX ROUGE mu Burundi .NTAHE akaba asubiriye Pamphile KANTABAZE yaramaze igihe arongoye iryo shirahamwe.Christine Ntahe rend hommage aux héroïnes non-chantées de la paix au  Burundi - Jimbere

Uwo mupfasoni yigeze kuba umumenyeshamakuru kw-iradiyo n-imboneshakure vy-igihugu RTNB akaba yatowe n-abarongoye uwo muryango wa CROIX ROUGE baje bava mu ntara n-amakomine yose agihugu c-uburundi.Ni inyuma y-inama y-abahuje mu ntara ya Cankuzo, isanzwe iri mu buserukobw-uburundi.

Tubamenyeshe ko umupfasoni Christine NTAHE yakoreye iradiyo n-imboneshakure vy-igihugu RTNB mu kiringo c-imyaka mirongo itatu, mu nyuma acaja gukorera mw-ishirahamwe search for common ground aho yahakoze imyaka ishika cumi. NTAHE kandi azwi cane mu bikorwa vyo gufasha abatishoboye na cane cane abana bo mw-ibarabara hamwe n-impfuvyi, ariho naho havuye izina rya Maman Dimanche biturutse  ku kuntu yama yafunguriye buri ku musi w-Imana abana bo mw-ibarabara.

Must Read