NEWS

Umunywanyi w’Umugambwe UPD Zigamibanga Yaranyurujwe.

on

Umutegetsi wo mu mugambwe utavuga rumwe na Leta UPD Zigamibanga, Léopold Habarugira, yaranyurujwe ku musi wa kabiri itariki 12 Nyakanga 2017. Akaba yanyuryujwe igihe yariko agenda n’amaguru ari kumwe n’umukenyezi wiwe mu gisagara ca Bujumbura, nkuko umugambwe wiwe n’umuryango wiwe babivuga.


Uyo mukenyezi wiwe yabwiye BBC Afrique ati : « Nariko ngenda n’amaguru ndi kumwe n’umunega wanje igihe imodoka yirabura itagira plaque yahagarara imbere yacu ». Inyuma y’ivyo, haciye hasohoka mw’iyo modoka abantu bane harimwo numwe « yambaye impuzu z’igipolisi afise n’inkoho, maze baca batwara Léopold Habarugira abantu bose babibona.

Léopold Habarugira, afise imyaka 54, ni umunyabigega mu mugambwe UPD Zigamibanga kandi akaba ari umwe muri benshi batavuga rumwe na Leta atari yahunze igihugu. Gushika ubu nta makuru aramenyekana neza uko uyo Léopold Habarugira amerewe.

Recommended for you