INTERNATIONAL NEWS

Umunyambanga Wa Leta Ya Amerika Mu Rugendo Muri Afrika.

on

Umunyamabanga wa Leta ya Amerika, Rex Tillerson, yatanguye urugendo rwiwe rwa mbere ku mugabane wa Afrika aho yarutanguriye mu gihugu ca Nigeria. Bikaba vyitezwe ko urwo rugendo ruje hageze mu bijanye no ‘gushigikira umugabane wa Afrika’.

VOA imenyesha ko urwo rugendo ‘atari urushingiye ku bijanye n’ubutunzi, ariko ko ari ukwubaka mu buryo bukomeye inzego, intwaro n’umutekano hamwe n’agateka ka zina muntu. Urwo rugendo kandi rukaba ruje mu gihe Amerika isa niyitarabana neza n’abategetsi bamwe bamwe ba Afrika bigumiza ku butegetsi, abo USA yita “abatwaza igikenye”.

Rex Tillerson, Umunyamabanga wa Leta ya Amerika.

Urugendo rwa Rex Tillerson rukaba rutegekanijwe ko azoja mu bihugu vya Chad, Djibouti, Ethiopia, Kenya na Nigeria kuva ku wa 6-13 Ntwarante 2018. Biritezwe kandi Tillerson azonagura imigenderanire ya Amerika na Afrika iguma yononekara, nk’akarorero ku majambo ateye isoni Donald Trump aheruka kuvuga ku bihugu vya Afrika.

Umugambi wa Amerika n’ubu ukaba utarahinduka ku bijanye n’umugabane wa Afrika, nawo ni uwo ku rwego rwa politike mu bijanye no ‘kubungabunga amahoro biciye ku kubisanya ku ntwaro, hamwe no gutuma inzego zatowe zibazwa ko ziriko zitaho abanyagihugu bazitoye’.

Abahinga berekana ko igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika kitagifise ikibanza kini muri Afrika, maze ko Ubushinwa buriko burasa n’ubwigarurira cane Afrika mu kibanza ca USA, ku buryo bivugwa ko n’imiburiburi mu myaka iri imbere ‘hazobaho ibihugu uzosanga bitwarwa cane n’Ubushinwa kubera abashinwa bavyarana cane n’Abanyafrika’.

Recommended for you