INTERNATIONAL NEWS

Umunyamabanga Wa ONU Yatanze ‘Ingabisho Ikomeye’ Ku Bijanye N’Isi.

on

Mu gihe isi yose yinjiye mu mwaka mushasha wa 2018, umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yahamagariye ko hobaho ubumwe bw’isi yose kugira ingorane zihanze isi zitorerwe umuti. Mw’ijambo yashikirije kuri uyu musi w’umwaka mushasha wa 2018, Guterres yamenyesheje ko isi yose iboneka ko “yamaze gucurama.

Nk’uko Ikinyamakuru Cable News Network kibishira ahabona, Antonio Guterres yamenyesheje ati: “ Ku musi mukuru w’umwaka mushasha wa 2018, sindiko ndasaba ninginga, ahubwo ndiko ndatanga ingabisho, ingabisho ikomeye ku bijanye n’isi yacu”.

Guterres yabandanije ati: “ Uko dutangura umwaka wa 2018, ndasaba ko hobaho ubumwe…turashobora gutorera umuti ingorane zihanze isi yacu, kurengera inzankano…ariko dushobora gushika kurivyo turi hamwe”.

Antonio Guterres yamenyesheje ko amakuba ahanze isi yose yabaye menshi cane, ubwoba bwarongerekanye ku bijanye n’ibigwanisho ruhonyanganda, ubusumbasumbane mu vy’ikibano,gukunda igihugu birenze urugero n’ukwinubana bigeze aho umwansi ashaka. Yashimitse ko ugukorera hamwe ariyo yoba yo nzira mu mwaka wa 2018 mu kuvuga ati: “Ubumwe ni yo nzira. Kazoza kacu gahagaze kuri ubwo bumwe”.

Guterres akaba yahamagariye abategetsi bose aho bari mwi’isi gukoresha akaryo kuri uno musi w’umwaka mushasha kugira baje hamwe, bavavanure n’ibibatandukanya, hamwe no gusubira kwizerana hagati y’abantu bose bo mw’isi.

Recommended for you