Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw-ubudandaji , gutwara ibintu n-abantu , amahinguriro n-ingenzi yarabogojwe mu mabanga yiwe kuri uyu wa 29 Munyonyo 2021.
Nkuko biboneka mw-itegeko ry-umukuru w-igihugu Varisito Ndayishimiye, Jéremie Banirwaninzigo yagirijwe ko ivyo akora bibangamiye intumbero ya Leta kandi bigacashapfuza ishusho nziza y-igihugu c-uburundi.
Tubamenyeshe ko Jérémie Banirwaninzigo abaye umutegetsi agira gatatu akuwe mw-uburyo nk-ubwo m-ubwo bushikiranganji inyuma yuko umushikiranganji w-ubudandaji Immaculée Ndabaneze akuwe mu kwezi kwa Rusama 2021 , uwamusubiriye Capitoline Niyonizigiye nawe agaca akurwa kw-igenekerezo rya 18 Munyonyo 2021.