NEWS

Umuntu yagirizwa urupfu rwa General Adolphe NSHIMIRIMANA yishwe mu buryo butangaje

By

on

Umuporisi umwe yishwe n’umupfungwa yagirizwa urupfu rwa General Adolphe NSHIMIRIMANA. Uwo yishwe yarazwi kw’izina ry’iritazirano rya Dinka.

Umwe mu bajejwe intwaro avuga ko uwo mufungwa, Renovat Nimubona, yahoze ari umuporisi yari yasavye uruhusha rwo gusohoka gutora amafaranga muri posita.

Ahejeje kubikuza amafaranga, uwo mufungwa yasavye uwo muporisi yari amucunze ko bosangira icupa mu nzu y’uburaro. Umupfasoni yari hafi niwe yazaniye uwo mufungwa isakoshi irimwo inkoho, ari nayo yarasishije uwo muporisi “Dinka”.

Umupfungwa Renovat Nimubona yaciye ahunga, ariko umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE akaba yamenyesheje ko yishwe nawe ahitanwe n’amasasu yarashwe n’uwundi mupfungwa. Ikiziga ciwe catowe kuri uwu wa gatatu, akaba yari yambaye ipantaro y’ibara ryambara abapfungwa mu Burundi.

Amakenga ni menshi kw’iyicwa ry’uwo muntu, bamwe bakibaza bati : None ko uwo mupfungwa atari mw’ibohero, akaba yari yishe umuporisi yari amucunze, yishwe na nde nawe? Ko yari yahawe uruhusha rw’ugusohoka ibohero ari wenyene, uwo wundi mupfungwa yamurashe yavuye he? Inkoho yamurasishije yayikuye he? Mbega abapfungwa nibo bahabwa igikorwa c’ukurondeza abandi bapfungwa batorotse ibohero?

Turacabaronderera umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi kugira atange umuco kuri ivyo bibazo bibandanya gutera amakenga.

Recommended for you