Sunday, March 26, 2023
HomePolitics«Umuntu aravye ivyo umuhari RED-TABARA ukora n-ivyo umaze kwiyemeza , si umurwi...

«Umuntu aravye ivyo umuhari RED-TABARA ukora n-ivyo umaze kwiyemeza , si umurwi w-iterabwoba»Jeremie MINANI.

Inyuma y-incuro zitari nke umukuru w-igihugu c-uburundi yise umuhari RED-TABARA nk-umuhari w-iterabwoba, Bamwe mu banyepolitike bari mu batavuga rumwe n-umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi kuva mu mwaka 2005, siko bobo babibona kw-iryo zina ryahawe uwo muhari watangaje ko uhisemwo kurwanya hakoreshejwe inguvu intwaro ya CNDD-FDD.IWACU English News | The voices of Burundi – Arusha Agreement

Mu kiganiro yahaye bagenzi bacu b-iradiyo n-imboneshakure RENAISSANCE, Umunyepolitike Jérémie MINANI avuga ko umuhari RED-TABARA atari umuhari w-iterabwoba nk-uko abategetsi b-uburundi harimwo n-umukuru w-igihugu Varisito Ndayishimiye bama babitangaje, ko ahubwo ivyo uwo muhari urwanira vyumvikana. «Umuntu aravye ivyo umuhari RED-TABARA ukora n-ivyo umaze kwiyemeza ukemanga ku mugaragaro, si umurwi w-iterabwoba. Ni umurwi urwanya Leta yahisemwo gukoresha iterabwoba mu kurongora igihugu» Niko Jérémie Minani avuga.

Uwo arongoye umugambwe RDB ahanura nyabuna umukuru w-igihugu c-uburundi  kwihutira kwegera uwo muhari bayage maze barondere amahoro arama mu gihugu «… nabegere bayage maze barondere amahoro arama mu gihugu. Nayo ahandi aguma azana iyo imvugo yo kwita uwo muhari nk-uwiterabwoba, arazi wenyene ko ataho izoshika , itabuza abamurwanya kubandanya bamurwanya.iyo mvugo irashaje kuko imaze igihe kinini iriko irakoreshwa n-ama Leta atandukanye» Niko MINANI abandanya asigura.

 

 

Must Read