Mu gihe hasigaye imisi mike kugira itegeko ryerekeye kugaburira ibitungwa muhira rishirwe mu ngiro, Umushikiranganji w-uburimyi n-ubworozi, ibidukikije mu kiganiro yahaye kuri uyu wa gatandatu abanditsi n-abamenyeshamakuru hari mu ntara ya Kayanza,amenyesha ko iryo tegeko ritabuza umworozi gusohora ibitungwa vyiwe maze akaja kubiragira mw-itongo ryiwe ariko akabanza kuzorizitira. Umushikiranganji Déo Guide RUREMA akabandanya asigura ko iryo tegeko ryo kugaburira ibitungwa muhira riraba cane cane aborozi baragira ibitungwa vyabo mu bitara canke bakaragira mu mtatongo y-abandi.
ˮIri tegeko riravuga neza ko umuntu afise itongo rinini ararizitira bavyita ama padock. Ararizitira hanyuma akagenda akarekuriramwo inka ziwe mugabo igitungwa ciwe ntikigende ahandi canke mw-itongo ry-abandi abantu benshi bashatse kubivuga ukundi ariko birarekuwe mw-itegeko biranditswe neza. Mugabo murumva ko bitagenda kuja kwonona imirima y-abandi kandi biri aho hantu kandi nta ngwara zigenda zandukanya gutyo tukaba turiko turanakingira y-amatati yahora aba‟ Niko Deo-Guide RUREMA atomora.